homepagekirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Robertinho yavuze impamvu ituma adahora asubiriza Saidi Ntibazonkiza

Umumenyereza wa Simba Sc yavuze impamvu ituma adakunda gusubiriza umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza naho biba biboneka ko yarushe .

Ari kuri micro y’ikimenyeshamakuru ca Mwanaspoti co muri Tanzania , yavuze ko hari igice gito c’abakunzi b’umurwi wa Simba Sc bama batera induru imisi yose mukumubwira ko yoza asubiriza Saidi Ntibazonkiza mugihe biba bibonekako yarushe .

Uwo mumenyereza mukuru wa Simba Sc yamuka muri Brezile yishuye ko ikintu nyamukuru gituma adasubiriza Saidi Ntibazonkiza n’abandi n’uko afise akamaro gakomeye iyo ari mu kibuga .

Akaba yavuze ati’’ Saido ari umukinyi mwiza cane kandi afise ubumaro bubiri muri uwo murwi , ashobora gutsinda akongera kandi agafasha mu kuboneka kw’ibitsindo kuri bagenzi biwe ikintu umukinyi wese adashobora gukora .

Saido Ntibazonkiza kuva aho ashikiye muri Simba Sc amaze gufasha uwo murwi kwinjiza ibitsindo 22 vy’ihiganwa yo mu cicaro ca mbere muri Tanzania akaba ari nawe afise ibitsindo vyinshi n’imipira myinshi imaze kuvyara ibitsindo muri uwo murwi, amaze gutsinda ibitsindo 10 atanga imipira ivyara ibitsindo 12.

Mwomenyako uwo mukinyi yaje muri Simba Sc avuye mu murwi wa Geita Gold inyuma yo kurekurwa n’umurwi wa Young Africans .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 849