homepagekirundi_Sports

Saido Berahino yavuze ico bagiye gukora mu rukino rwa Madagascar

Saido Berahino ngo bagiye kumera magabo mu rukino rugiye kubahuza na Madagascar.
Mu kiganiro Kizigenza w’intamba mu rugamba yagiranye n’ikinyamakuru ca BBC kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2019, Kizigenza  w’Intamba mu rugamba Saido Berahino yavuze ko yubaha umugwi wa Madagascar kuko babonye ko bafise abakinyi bakomeye.
Umumenyesha makuru akaba yaramubajije ati ” Saido berahino  murazi yuko neza  Madagascar ari ubwa mbere yitabira ihiganwa rya CAN 2019 co kimwe namwe ariko mukaba muyirusha ibibanza bike mu rutonde rwa FIFA mbe ntubonako mwoba mufise amahirwe yo kubatsinda? Saido akaba yishuye ko we atariko abibona.
Saido ati ” Dutegerezwa kububaha kuko twabonye ko bafise abakinyi bakomeye.
Twiteguye neza mu mitwe no mumibiri, kandi umukinyi wese arazi ingene uru rukino rwa Madagascar rukomeye tuzoba duhagaze magabo kuva mu ntango gushika kwiherezo “.
Intamba mu rugamba zikaba zizotana mu mitwe ku rukino rwa kabiri mw’itsinda B hamwe  Madagascar kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka wa 2019 isaha 16h30 mu masaha ya hano iwacu zikaramuka zitsinze urwo rukino zizoba ziriko ziyongera amahirwe yo gukina igice 1/4 gushira icanyuma c’ihiganwa rya CAN.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822