homepagekirundi

Sat-B yemereye agashimwe intamba nizaramuka zitsinze Gabon

Intamba mu rugamba ziramutse zitsinze Gabon zizoba zitsindiye agashimwe zemerewe n’umuririmvyi Bizimana Aboubakar Karume benshi bazi kw’izina rya Sat-B .

Mugihe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore intamba mu rugamba zizoba zaramutse zakira umugwi nserukiragihugu wa Gabon mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma za AFCON2019 , umuririmvyi Bizimana Aboubakar Karume benshi bazi nka Sat-B yamaze kwemerera umukinyi wese w’intamba mu rugamba y’uko azomukorera igiteramo niyo baramuka batsinze urwo rukino ku musi wa gatandatu uza.

Sat-B ivyo akaba yabivuze atumbereza ku bakinyi nka Fiston Abdoulrazzaq, Ndikumana Seleman hamwe na Mavugo Laudit ndetse anarangiza avuga muri rusangi y’uko umukinyi wese w’intamba amwereye kuzomukorera igiteramo ataco arinze gusaba.

Sat-B akaba ari mu gihugu ca Tanzania aho bivugwa y’uko yagiye gukorana indirimbo na bamwe mu baririmvyi bo mu gihugu ca Tanzania naho uyo muririmvyi ataravyemeza ariko hariho amashusho yabonetse imisi iheze uyo muririmvyi Sat-B ari kumwe n’umwe mu baririmvyi bakunzwe muri Tanzania yitwa Aslay.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755