Umukinyi w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba Sudi Abdullah, yaguzwe n’umugwi wa Al Ittihad Misurata wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Libiya .
Uwo mukinyi akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’umwaka umwe.
Bikavugwa y’uko uwo mukinyi yoba yaguzwe amafaranga angana n’ibihumbi 150.000$.
Mwomenyako uwo mukinyi abaye umukinyi agira 3 agiye gukina muri ico gihugu, inyuma ya Bimenyimana Bon Fils Caleb hamwe na Hussein Shabani Tchabalala.


















