Igihugu c’Uburundi catakaje ikibanza kimwe ku rutonde ruhora rusohorwa na FIFA buri ukwezi, rwerekana ingene ibihugu biba vyasumbanye amanota ku rwego rw’isi.
Igihugu c’Uburundi cavuye mu kibanza ca 140 cahoramwo kija mu kibanza ca 141.
Mu gihe ibindi bihugu vyo muri kano karere nka Repubrika iharanira Demokarasi ya Congo iri mu kibanza ca 64, Uganda iri mu kibanza ca 89, Kenya nayo mu kibanza ca 109, Tanzaniya mu kibanza ca 122, Urwanda narwo mu kibanza ca 139 mu gihe Uburundi bwisanze mu kibanza ca 141 .
Mwomenyako ibihugu 5 vya mbere vyo kw’isi ari Argentine, France, Brésil, Angleterre hamwe na Belgique.


















