footballintamba murugamba

# Indundi Sports | Umugwi wa Handball waraye wakiriwe n’Umukuru w’igihugu

kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022 niho abarongozi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Handball ( FEBUHAND) bari kumwe n’abakinyi b’umugwi nserukira gihugu w’abadashikana imyaka 18 bashikiriza Umukuru w’igihugu c’Uburundi Général Major Evariste Ndayishimiye agashimwe batahukanye mu nkino za IHF Challenge Trophy zo mu karere ka Zone 5 zabereye mu gihugu ca Kenya mu mpera z’ukwezi guheze .

 

Umukuru w’igihugu yaronse akaryo ko kuganira nabo aho yabakeje k’ubutwari berekanye mu kwitanga kugira bitabire ayo mahiganwa ndetse bagashika no ku ntsinzi , mbere akaba yaciye abemerera kubashigikira bimwe biboneka mi mahiganwa akurikira .

 

Uwo mugwi wa Handball w’abatarenza imyaka 18 uzokwitabira inkino za ku gwego rwa Africa zizobera mu gihugu ca Guinée mu kwezi kwa kigarama 2022.

Mwomenya ko uwo mugwi wa Handball w’abatarenza imyaka 18 warashoboye gukatisha itike yo kwitabira inkino z’igikombe c’isi zizobera muri Croatie mu mwaka uza .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186