Ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League rigiye kubandanya kundwi igira 2, inkino zikaba zitegekanijwe uku gukurikira:
Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 19 Munyonyo 2022:
– Isaha zitatu zo mugitondo 9h00 ku kibuga (CTN )Umugwi Etoile du Matin uzotana mu mitwe na la Colombe
– Isaha zitanu zo mugitondo 11h00 ku kibuga ca (CTN) umugwi Rainbow uzokina na PVP Buyenzi
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2022:
– Isaha zine zo mu gitondo 10h00 ku kibuga ca Gatwaro , Umugwi Gatwaro Fofila PF uzohura na Intwarikazi
– Isaha zine zo mu gitondo 10h00 ku kibuga ca ( CTN) umugwi Buja Queens uzohura na Onze Etoile
– Isaha zine zo mugitondo 10h00 ku kibuga c’Umuco , Umugwi Bon Avenir uzohura na les lionnes.
Mwomenya ko iryo higanwa ryatanguye mu mpera z’indwi yaraye irangiye .