footballhomepageintamba murugamba

# Indundi Sports| Umukinyi wa Inter Star yanse kurya igiturire yafashwe nk’intwari

Umukinyi w’inyuma muri Inter Star yaranse kurya igiturire kugira atsindishe umurwi wiwe yafashwe nk’intwari idasanzwe n’uburongozi bw’uwo murwi .

Yitwa Irakoze Bienvenue asanzwe akina inyuma , mu nkino 10 zari zisigaye za Primus League hari umurwi tudashobora kuvuga izina wagerageje kumuha igiturire kugira yitsindishe ariko arayanka.

Ayo mafaranga akaba yari yazanywe mu kibuga n’umukinyi yari yasubiriye k’iminota yanyuma y’urukino, akaba yangana n’ibihugu amajana atatu vy’amarundi ( 300.000 FB).

Kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 21 Rusama 2023 yaba abakinyi canke Indongozi bose barashimiye  cane uwo mukinyi kubutwari yakoze bwo kwanka kurya ico giturire kugira umurwi ntumanuke mu cicaro ca kabiri .

 

Mwomenya ko uwo murwi inter Star warangije ihiganwa ufise Abakinyi batarenga 14 bivanye n’uko hari abakinyi bari bagumutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 809