CAN2019footballInfrastructuresInkinointamba murugambaPremiereprimus ligue

# Indundi Sports | Yang Africans iriko irondera umusatirizi w’umurundi

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Bigirimana Blaise akinira umugwi Namungo Fc wo mu gihugu ca Tanzania , ariko aronderwa cane na Yang Africans wo mu gisagara ca Dar es salaam .

Amakuru Indundi Sports yahoboye kumenya kuri uyu wa mbere w’ igenekerezo rya 10 Myandagaro 2020 ava mu gisagara Dar es salaam Ku mumenyeshamakuru w’inkino Shaffih Dauda n’uko uwo mukinyi amaze gutangura ibiganiro n’uburongozi bw’umugwi wa Yang Africans .

Ayo makuru Blaise Bigirimana akaba atayahakana mbere akavuga ko n’imigwi itari mike bari basanzwe bari mu biganiro atari Yang Africans yonyene.

Blaise Bigirimana akaba ari umusatirizi yafashije Namungo Fc ibitari bike muri uno mwaka , akaba ari mu bawufashike Ku zokina inkino za CAF Confederation Cup .

Mwomenya ko Bigirimana yarangije ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League ( VPL) atsinze ibitsindo 12 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 191