kirundi_Sports

# Indundi Sports | Young Sisters yatashe ironse intsinzi imwe gusa

Umugwi Young Sisters wari waserukiye Uburundi mu nkino za Zone 5 waraye wivyukiranije mu gutsinda Nile Legends yo muri Sudani y’epfo.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Gitugutu 2022 mu gisagara ca Dar es Salaam aho umugwi Young Sisters waserukiye Uburundi mu nkino za Zone 5 wakina urukino rwayo rugira gatatu na Sudani y’epfo, uwo mugwi warushije Nile Legends wo muri Sudani y’epfo mu kuyirusha amanota 17 yose aho urukino rwarangiye ari amanota 63 kuri 46.

Gutsinda Nile Legends wo muri Sudani y’epfo vyatumye uwo mugwi waserukiye Uburundi muri izo nkino za zone 5 utahana ikibanza c’7 mu migwi 9 yari yitabiriye iryo higanwa rya Zone 5 ryatanguye igenekerezo rya 26 Nyakanga 2022.

Umugwi wa mbere muri iryo higanwa ni Alexandiea Sports Club wo muri Egypt, uwa kabiri nawo ni Kenya Port Autority wo muri Kenya, mu kibanza ca 3 n’ica 4 haje imigwi yo mu Rwanda nka APR na REG.

Mwomenyako Young Sisters wagiye i Dar es Salaam n’abakinyi batarenga 10 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275