homepageDonard Trumpkirundipolitics

Sudani : Inama nkuru ya gisirikare yaburijemwo itembagazwa ry’ubutegetsi ryariko rirategurwa

Inama nkuru ya gisirikare irongoye igihugu ca Sudani imenyeshako yahagaritse yongera iburizamwo igikorwa co gutembagaza ubutegetsi cashaka gukorwa n’abasirikare bamwe babakukuruke,abakiri ku kazi hamwe n’abantu bamwe bakora mu rweho rw’igendereza murico gihugu.

BBC ivuga ko jenerare Jamal Omar asanzwe avugira iyo nama ya gisirikare itwara igihugu ,yavuze abicishije ku mboneshakure y’igihugu kw’abantu barenga 10 bagirizwa ico gikorwa bafashwe.

Jamal Omar avuga ko abo bantu bari bashatse gutembagaza ubutegetsi buhari bari bafise intumbero yo kwonona amasezerano yo kugabanganya ubutegetsi hagati y’inama ya gisirikare itwara igihugu hamwe n’abatunganije imyiyerekano.

Ibaye incuro igira gatatu inama ya gisirikare itwara igihugu ca Sudani itanganje ko yaburijwemwo itembagazwa ry’ubutegetsi kuva aho itanguye gutwara igihugu Omar Al Bashir akuwe k’ubutegetsi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755