East Africa NewsAkes DonBi FizzoEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoroRwanda

Tom Close yahawe n’inama y’abashikiranganji ikibanza gikomeye mu kigo yakorera

Tom Close yahawe gutwara ikigo kijejwe gutororokanya amaraso mu gisagara ca Kigali, ivyo bikaba vyemejwe n’inama y’abashikiranganji yakoraniye i Kigali kuri uyu wa 3.

Dr. Muyombo Thomas aheruka guhabwa gutwara ikigo gitororokanya amaraso mu gisagara ca Kigali, ivyo bikaba vyemejwe n’inama y’abashikiranganji yabaye kuri uyu wa 3 irongowe n’umukuru w’igihugu kibanyi c’Urwanda, Paul Kagame.

Uwo tuvuga n’uwo abatari bake bazi nka Tom Close, asanzwe ari umuririmvyi yabigize umwuga kandi akomeye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, kandi akunzwe cane hano iwacu. Ahawe ico kibanza mu gihe yaramaze imyaka ishika kuri 4 akorera ico kigo(RCBT-Kigali).  

Mu mwaka wa 2017 naho akaba yari yahawe ikibanza c’uwutwara igisata ca afrika y’ubuseruko c’umuryango w’abanyafrika ujejwe gutanga amaraso mu bihugu 13.

Mwomenya ko uwo muririmvyi akomeye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ari mu baririmvyi bafise ibikorwa vyabo bakoranye n’abaririmvyi ba hano iwacu buca bisohoka. Aho ni nk’indirimbo bakoranye na B Face, bivurwa ko izosohoka vuba cane.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769