homepagekirundi

Ukutitabirwa n’abantu nivyo vyaranze Hip Hop Day

Kur’uyu wa 30 Myandagaro 2019 niho hari hatunganijwe igiteramo citiriwe “Hip Hop Day” categuwe na “Rockstone Kingdom” kimwe mubiteramo bike vyashobora guhuza abaririmvyi basanzwe bakora umudiho wa RAP.

Inyuma y’igihe kitari gito atakavura kaboneka, kur’uyu wa 30 z’uku kwezi kwa Myandagaro 2019 hari hasanzwe hatunganijwe ico giteramo nyene akavura karibonekeje mugisagara ca BUJUMBURA akaba ari kimwe gishobora kuba catumye haba ubuke bw’abitabira ico giteramo,

Ariko Twaragerageje kwegera bamwe mubari murico kibanza nabo bakaba baragize ico bashikiriza kubijanye n’ico giteramo aho benshi bahurije kw’ijambo rikwirikira :

“Ikibanza, ibiciro na promotion nivyo ahanini vyatumye Hip Hop Day ihomba kurwego rwo hejuru ariko akavura nako kafashe ikibanza mu guhomba kw’igiteramo”.

Ivyo bibaye mugihe hari haheruka kuboneka irindi homba ry’igiteramo cabereye kuri EFI Nyakabiga cahuza umurwi uturuka mu gihugu ca Africa y’epfo Mafikizolo baherekejwe n’umuririmvyi Big Fizzo arikumwe na mugenziwe Sat-b.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755