BurundiArsenalBizosGenderhomepageInkinokirundi

Womensday : Francine Niyonsaba aributsa abakenyezi ibintu 3 ngirakamaro bokwama bibuka

Mu gihe isi yose yaramutse ihimbaza kuri uno wa 8 Ntwarante 2019 umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, umunonotsikazi Francine Niyonsaba yagize ico yibutsa abakenyezi na canecane abarundukazi.

Francine Niyonsaba yagize ati : “kuri uyu munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abakenyenzi nashaka nibutse abakenyezi bose ibi bintu bikurikira :


1 . Turi ab’agaciro. Kumenya ico uri ni nkenerwa cane ; umukenyezi yimenye nta majambo y’abantu canke ijisho ryabo bimuhagarika; tube ico twaremewe kuba, umwe wese muri twebwe afise impano idasanzwe atahandi na hamwe iri. Ikiri muri twebwe nico kitubeshaho;


2. Tugende turaba kazoza, iterambere riri mu maboko yacu. Nta n’umwe abazwa ubuzima bwacu atari twebwe. Inzitizi twebwe nyene twishingira mu mico no mu vyiyumviro vyacu nizo zonyene zishobora kuduhagarika
3. Tugire ishaka mu vyo dukora. Ubunebwe ntibukarangwe muri twebwe. Twandike amateka abana b’Uburundi bazoturabireko bavuge bati «Nta rugamba na rumwe runanira uwarukenyereye neza».

Umusi mukuru mwiza ku bakenyezi bose !

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764