BDUSAhomepagekirundipromotedTabacvideos

#indundi|Natacha niwe yaraye atahukanye agashimwe nkumuririmvyi yakoze neza uno mwaka


Umuririmvyikazi Natacha yaraye atowe n’ishirahamwe ry’abaririmvyi ryitwa Coopérative des musiciens du Burundi nk’umuririmvyiyakoze neza cane kuruta abandi uno mwaka wa 2018.

Ninyuma y’ibikorwa bitaribike uwomuririmvyi amazemwo imisi akora nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe Coopérativedes Musiciens du Burundi ariwe Cedrick Bangy akaba arinawe yaserukiye iryoshirahamwe mu gutanga Certificat y’icubahiro kumuririmvyi yakoze neza uno mwaka ,nayo ishirahamwe CELEC ryafashanyije  mu gutegura ivyo birori ritanga ibahasha iherekeje iyo certificat yahawe umuririmvyikazi Natacha.

Bikaba vyakozwe habanje kuba ihiganwa ryahuje abaririmvyi bataribake aho abashoboye gushika mwiryo hirwanwa ryanyuma  cumi na batandatu gusa mugihe hatanguye guhiganwa abarenga mirongo itandatu,abashoboye kuruswa agashimwe ni batatu babaye abambere gusa nayokumva kuwa kane gushika kuwanyuma bakaba baronka agashimwe kamwe.Uwambere yaroswa amahera angana n’ibihumbiamajana atatu (300.000Fbu), uwa kabiri akaronka ibihumbi amajana abiri (200.000Fbu),nayouwagatatu akaronka ibihumi ijana(100.000Fbu).

Mwomenya kuwo muririmvyi ashimiwe inyuma yirindi shirahamwe ryamushimiye mumwaka wa2015 nayo mumwaka wa 2017 ashimirwa na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu mugihe yamushimiye kumuririmvyi yakoze neza muruwo mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758