abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

#IndundiSports| FFB igiye gutegura urwaruka rukiri ruto ruzokina mu ntamba mu rugamba

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatanguje icese umugambi wo kuza riregeranya abakinyi bafise impano bisangije ( Détection des talents) mu Burundi .

Ivyo bikaba vyabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Munyonyo 2022 mu nyubakwa za Pearl Hotel .

Uwo mugambi uzorangurwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu FIFA.

Général de Brigade de Police Alexandre Muyenge arongoye FFB hamwe na Dominique Niyonzima canke Daniella Nibimenya arongoye uwo mugambi “Détection des talents” mu Burundi hamwe na Jérémie Manirakiza asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa FFB bose bemeza ko uwo mugambi uje hageze , kandi uzogirira akarusho kanini umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba na cane cane ku rwaruka rukiri ruto.

Muri ivyo birori vyo kwiga ingene bazotororokanya abakinyi bakiri bato (Détection des talents), indongozi za FFB hamwe n’abarongoye urwego nshingwabikorwa muri FFB , tutibagiye n’abatwara amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara bose bagiye banahana ivyiyumviro.

Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre yavuze y’uko hambavu y’uwo mugambi , FIFA itegekanya gutanguza n’iyindi migambi nka Programme y’umupira w’amashure .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205