Basketballfootballintamba murugamba

#IndundiSports | Urunani rwaraye rutsinze Dynamo bigoranye mu gikombe c’incungu

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022 , aho hari  umusi mukuru wo kwibuka incungu y’uburundi Melchior Ndadaye , uwo musi mukuru wama  uhurirana n’urukino rwa nyuma rwa Basketball rw’incungu  z’uburundi ( Coupe des Heros) rwama rwateguwe n’ishirahamwe Fondation Pax Burundi .

Urwo rukino rwarangiye umugwi Urunani utsinze bigoranye cane umugwi Dynamo ku manota 82 kuri 81 .

Urukino rwari rwatewe iteka  n’abashikiranganji bashika kuri 6 harimwo n’umushikirangaji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca tutibagiye n’uwashinze ishirahamwe Fondation Pax Burundi ari naryo ryari ryateguye iryo higanwa ry’incungu Honorable Réverien Ndikuriyo .

Ubushimwe bwaronkejwe aba bakurikira:

– Umugwi wa mbere ariwo Urunani waronkejwe imiriyoni 7,5 z’amarundi

– Umugwi wa kabiri ariwo Dynamo waronkejwe imiriyoni 5 z’amarundi

– Umugwi wafashe ikibanza ca Gatatu ariwo Remesha waronkejwe imiriyoni 3 z’amarundi

– Umugwi wafashe ikibanza ca 4 ariwo Brothers waronkejwe imiriyoni 2 z’amarundi

– Umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi MVP : Malick w’Urunani akaba yaronkejwe ibihumbi 500 vy’amarundi .

-Abandi baronkejwe ubushimwe ni Nyandwi Delaware wa Brothers : Révélation

– Arbitre Ndayitwayeko Augustin alias Mangope

– Coach Nzigamasabo Fabrice wa Brothers.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 204