homepage

Indwi igira 26 ntiyoroheye umurwi Vital’o Fc warusanzwe kw’isonga

Mwihiganwa rya Primus League,ku ndwi yaryo igira 26,
Umurwi Vital’O FC usanzwe uri kw’isonga watanye mu mitwe na Olympique star kuri uyu wa kane mu ntara ya Muyinga. Urukino rukaba rwarangiye imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi ,umurwi Magara young Boys n’ubu uracari mu kibanza ca nyuma.

Ukwo niko inkino zose zaranze umunsi ugira 26 zagenze ku bibuga bitandukanye mwihiganwa rya Primus League :
-ku munsi wa gatatu no ku munsi wa kane igenekerezo rya 4 Ndamukiza umwaka wa 2024, ku kibuga Umuco mu ntara ya Muyinga umurwi Olympic Star wanganije igitsindo kimwe ku kindi na Vital’o Fc
-ku kibuga Urunani, umurwi Rukinzo Fc watsinze ibitsindo bine kuri kimwe ca Kayanza United,Ku kibuga co mu ntara ya Makamba,Umurwi Aigle Noir CS utsinda igitsindo kimwe ku busa bwa Musongati Fc,Ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi,Messager Ngozi utsinda igitsindo kimwe ku busa bwa Inter Star,Ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi,Umurwi Tigre Noir watsinzwe n’umurwi Amasipiri FC igitsindo kimwe ku busa,mu ntara ya Makamba,Moso Sugar utsindwa na Telaviv igitsindo kimwe ku busa,Ku kibuga Urunani umurwi Bumamuru Fc watsinze ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2024 ibitsindo bitatu kuri bibiri vya Burundi Sport Dynamik,Kuri ico kibuga nyene co muntara ya Cibitoke, Urunani Magara Young Boys watsinzwe na Flambeau du Centre Fc ibitsindo bine kuri kimwe.

Umurwi Vital’O FC uracari mu kibanza ca mbere n’amanota 65. Mu kibanza ca Kabiri hakaza umurwi Flambeau du Centre n’amanota 57. Umurwi Rukinzo uri mu kibanza ca gatatu n’amanota 53. Nayo ikibanza ca kane ni Musongati FC n’amanota 51. Umurwi Le Messager Ngozi uri mu kibanza ca gatanu n’amanota 51. Umurwi Magara young Boys niwo murwi uri mu kibanza ca nyuma ca 16, ukaba ufise amanota 5 mu nkino 26, ukaba waramaze gukorokera mu cicaro ca kabiri mu mwaka uza w’inkino wa 2024 ushira 2025.

Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668