homepagesociete

Musigati : Umukenyezi umwe yahinduye ubuzima mu miryango ry’abatwa

Liduine  Bigirimana, n’umukeyezi w’imyaka 62 ava mu bwoko bw’abatwa,asanzwe aba mu gacimbiri Gahise , umutumba na komine Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka iriko irababa itanu (5) atanguje umugambi wo kubumba amatafari , ugafasha cane cane ba genzi we bo mu bwoko bw’abatwa yemeza ko kare bari babaye m’ubuzima butoroshe.Abajejwe intwaro barashima ibikorwa vyishirahamwe rytangujwe n’uyo mukenyezi.

Uyo mukenyezi arikoahindura ubuzima bw’imiryango y’abatwa mu gacimbiri Gahise,ku mutumba na komine Musigati atangura avuga ko ubwa mbere,vyavuye ku mwikomo yagize amaze ku bona ko ubukene abatwa bo mu gice abayemwo bwatuma n’umwe muribo ashobora kwitaba Imana hanyuma ntibaronke n’ico bamufobamwo.Lidwine Bigirimana w’imyaka 62 avuga ko ari havuye ko iciyumviro co gushinga ishiramwe ryo kubumba amatafari,kugiraimiryango yabatwa ishobore kwikenura.

Ubu uwo mugambi umaze guha akazi abakenyezi bagera kuri 30 bose b’abatwakazi bahora batunzwe n’ugusegerereza  abandi n’abao basegerereza. Tumubajije icabimutumwe yatwishuye ati : « Kuva nza kubaka kuri uwu mutumba narababazwa cane n’ukwama mbona imiryango y’abatwa iguma ibayeho nabi itembereza inkono mu mihana ntizigurwe, gushika aho uwubuze uwiwe amufuba mu kirepe, abana babo ntibaje kumashure nk’abandi, umutwakazi iyo afise imbanyi canke uwundi wese iyo arwaye ntiyubahuke kuja kwa muganga, nca niyumvira ikintu cotuma ubwo buzima bwabo buhinduka, niko guhera kugikorwa nasanze ba Data-Bukwe bakora kandi mbona gitanga imbembo iboneka nca mbona ko n’umukenyezi yohungukira, mba ntanguye kwegeranya abatwakzi batarenga cumi (10) tuja kubumba amatafari nk’abandi dutangura kubona inyungu , gutyo turabandanya. »

Abandanya ashikiriza ko mu nyuma yaho abatwakazi bandi bahavuye baja barakurikira bagenzi babo muri uwo mwuga w’amatafari gushika aho bashika mirongo itatu(30) , baca bashinga ishirahamwe bise « Garukira_abatwa » bashobora nukuranguriramwo ivyo kuziganya n’uguhana utugurane hagati yabo, bakongera bagateguriramwo intambo ndangakaranga banahemberwa iyo batamvye mu misi mikuru itandukanye ibera muri iyo komine.

Iciyumviro ciwe kirashimwe n’imiryango y’abatwa yo mu Gahise kuko yemeza ko ubu abakenyezi bakora ako kazi bashobora kwigurira ibitenge, bagafungura neza nk’abandi, bakagurira ibikoresho abana babo bakaja kw’ishure, bakiha n’agacupa nk’abandi bo m’ubundi bwoko. Abagabo na bo baharonkeye akazi ko kwikorera no gupakira ayo matafari. Bamwe muri bo bamenyesha ko batacikumira kuko ku bwabo ivyo vyatumwa n’ubukene.

Bibaza ko muri kazoza uwo mwuga ushobora kuzotuma biyubakira na bo amazu meza, bakarima, abandi bakazogura amapikipiki kugira abacire amafranga kuko nk’uko babandanya babisigura ibumba ryahora ribatunze ubu ritacunguka kandi n’imyonga ryagazurwamwo ubu bayirukanywemwo na bene yo.

Iciyumviro ca Liduine Bigirimana kirashimwa n’abajejwe intwaro aho i Musigati

Umukuru w’uwo mutumba Francine Minani yemeza ko kuva aho abo batwakazi batanguriye ivyo kubumba amatafari bakayagurisha , ubusuma bahora bagirizwa k’umutumba butakivugwa kandi ko ayo matafari atanga ikori komine ikahungukira.

Umukenyezi Liduine ariko avuga ko inyota yiwe izohera ari uko abonye imiryango y’abatwa ironse uburaro bwiza nk’abandi, ivyo kuyikumira mu kibano biheze , ico kibanza naco kivuyemwo ihinguriro ry’amatafari ya kijambere rikomeye k’uburyo ari ryo ryotanga ayubakishwa i Musigati no mu ntara yose ya Bubanza. Kuko ku bwiwe , nta kuntu Reta yoba ariko irarwanya abasegerereza hama ngo abo batwa ntibigishwe ibindi bikorwa vyobabeshaho.

Ubuyobozi bwa komine Musigati na bwo buvuga ko bushimishwa n’ico ciyumviro kuko nkuko bivugwa n’umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy’ubutunzi n’iterambere n’abatari mw’ishirahamwe bashobora kuhakura ikiraka co k’umusi. Georges Nahimana yifuza ko abakenyezi nk’abo borwira muri komine, ariko kwemeza ko komine igiye guhimiriza kugira ico ciyumviro ca Liduine Bigirimana kirangurwe no kuyindi mitumba.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669