BurundihomepagekirundiPolitique

Indwi yahariwe umurwanyi: Iki nico umurundi wese ahamagarirwa gukora

Umurundi wese ahamarirwa gukingira umutekano w’igihugu mu gukingira intahe yo kwikukira n’imbibe z’igihugu hamwe no kubumbatira ubumwe ngo ata bumwe nta mahoro.

Ako ni akamo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye ateye abanyagihugu kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 16 Munyonyo 2020 mu birori vyo gutanguza indwi yahariwe umurwanyi.

Evariste Ndayishimiye yamenyesheje kandi ko uwundi mwansi abarundi bakwiye kurwanya bivuye inyuma ari ubukene kuko aribwo bwa mbere ntambamyi y’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764