Entertainmenthomepage

Inès Raguel abarwizatunga bamusutseko amahera

Umuririmvyikazi Inès Raguel agiye kuba umuserukizi w’ishirahamwe ryo guhanana amafaranga muri ngendanwa.Yamara uyo muririmvyikazi ariko ntashimishwa n’abamufata nk’umwana.

Umuririmvyikazi Inès Raguel yamenyekanye cane mumuziki w’ikibiriraho(karaoké) ariko aracishamwo agasohora indirimbo ziwe. Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2024 niho vyamenyekana yuko agiye gukorana n’amashirahamwe Ellis business company nk’ umuserukizi wabo mugisata cabo bise CASHTEL
gifasha gutumatumanako amafaranga biciye kuri ngendanwa .

K’uruhande rw’abayobozi ngo mu gutora uwomuririmvyikazi bashimye icambere impano yiwe ukuntu azi kw’idandaza k’umbuga ngurukana bumenyi ngo bizobafasha gushikana kure ibikorwa vyabo, bongeye baranatera akamo abandi barwiza tunga bijukire gukoresha abantu bamaze kuba rurangiranwa kubera bifasha mubudandaji.

Ikiringo bagiye gukora ntacobavuze neza basiguye yuko igihe cose Inès azoba agikeneye gukorana nabo bobo ntanambamyi bafise kiretse ariwe abasezeye
nayo kuvyerekanye n’amahera bamuhaye bashimye kuyagira ibanga na Inès ubwiwe ntiyashimye kuyavuga ariko ngo yashimye cane ukuntu bamwizeye nawe ngo agiye kwitanga afadikanye n’abakunzi biwe bashikane kure hashoboka muguhamagarira abantu kwitaho CASHTEL
ivyo ngobizotuma abarwizatunga bizera neza yuko gukorana n’abanyabuhinga atagihombo kirimwo

Uwo muririmvyi yarangije asaba abantu bose bamwita yuko ari Umwana yuko bobihagarika ngo bihendera k’ umubiri wiwe yamara ngo arakuze mu myaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706