BurundiDevelopmenthomepagekirundiyouth

Ingene igikorwa co kwandika urwaruka rwahejeje amashure rudafise akazi gitunganijwe

Nk’uko biri mw’itangazo yaraye ashize ahabona, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano, Petero Nkurikiye amenyesha ko igikorwa co kwandika urwaruka rwose rwize amashure rwipfuza akazi nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye, kizoba nuri ino ndwi turimwo.

Petero Nkurikiye ahamagarira ba Buramatari canke intumwa zabo, Musitanteri canke umuhanuzi w’ubuhinga ajejwe ivy’iterambere, abajejwe gukurikirana ya makoperative yo ku mitumba ku rwego rw’intara hamwe na komine, kwitaba aho bukera ku musi wa kane igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020 uruganda rwo kubigisha ingene ico gikorwa kizogenda, urwo ruganda rukazotangura isaha zibiri zo mu gatondo aho abari mu ntara zo hagati mu gihugu arizo Gitega, Mwaro, Muramvya hamwe na Karusi bazohurira i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, abari mu ntara zo mu buraruko arizo Ngozi, Kayanza na Kirundo nabo bahurire i Ngozi, abo mu ntara zo mu buseruko arizo Ruyigi, Cankuzo na Muyinga bahurire mu Cankuzo nayo abari mu ntara ziri mu burengero arizo Bujumbura Mairie, Bujumbura, Bubanza na Cibitoke bahurire I Bujumbura nayo abari mu ntara ziri mu bumanuko arizo Makamba, Bururi, Rumonge hamwe na Rutana bahurire i Makamba.

Petero Nkurikiye abandanya amenyesha ko inyigisho z’abantu babiri babiri ku mutumba canke kuri karitiye bazokwandika ku buhinga bwa none, zizoba ku musi wa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga umwaka w’2020, zibere ku mirwa mikuru y’amakomine yose agize igihugu guhera isaha zibiri z’agatondo.

Umuvugizi Nkurikiye amenyesha ko ukwo kwandika urwo rwaruka rwahejeje amashure rwipfuza akazi ko kuzotangura ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2020 guhera igihe c’isaha imwe n’igice zo mugatondo gushika ku musi wa mbere igenekerezo rya 14 Nyakanga 2020 igihe c’isaha zitandatu z’umurango.

Yaboneyeho kwibutsa abari bariyandikishije hatakoreshejwe ubuhinga bwa none hamwe n’abatari bwashobore kwiyandikisha bose bavyipfuza ko boheza bakaja kwiyandikisha muri ico kiringo bahawe anamenyesha kandi ko ico kiringo nicarangira ata kindi kizokwongerwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769