Burundikirundi

Ingona zitagarukiwe ngo zikingirwe zishobora guhona

Ikiyaga Tanganyika ndetse n’inzuzi zo mu kiyaya ca Rusizi n’ibibanza vyiza ku ngenzi zizanwa no kuratira ijisho ivyiza Imana yahunze u Burundi.

Amazi ya Tanganyika kumwe nay’inzuzi zisuka murico, atunze ibinyabuzima binyogomba bitari bike. Mu ntumbero yo kubungangabunga ibidukikije, twashimye kuyaga Ku bwoko bw’ibikoko bizwi nk’ingona(crocodiles), ingona mu myaka yahera vyari ibikoko bitinyitse, Ku buryo  n’abahizi batabibonamwo inyama, ariko ubu bikaba bibangamirwa cane.

Ntawomenya ko ari ubukene, inzara canke ingeso bituma ivyo bikoko bikingiwe n’amategeko y igihugu biribwa, ariko ni hatagira igikorwa ,ubwo  bwoko bw’ibinyabuzima buraherengetera.

Leta y’u Burundi yarashizeho amategeko akingira ivyo bikoko ariko abahigi bazo bakaguma bongereza ubuhinga n’imitego yo kuzifata. Gushika Ku munyororo w’imyaka 4  n’amahadabu hejuru kirashobora kuba igihano Ku muntu afashwe yishe ingona.

Muti none hokorwa  iki kugira ivyo bikoko birwire.

Abahinga b’abarundi muvyo gukingira ibidukikije banyesha ko kiretse mu gihe leta yoshiraho ibihano ruhasha mu gukingira ibidukikije, maze ikiga ingene ivyo bikoko vyokwinjiza amafaranga y’agaciro, atakibuza ivyo bikoko bizogenda akagirire.

Baramenyesha kandi ko ivyo bikoko ari nka hamwe vyo kwitabwaho ko vyoshobora kurwira kuko vyovyara bikarwira narirya biramba cane. Bamenyesha ko ari nka hamwe ivyo bikoko bitosubira kwicwa ko nko mu mwaka wa 2020 vyokwinjiza amafaranga y’ agaciro.

Mwomenya ko mu kiyaga Tanganyika higeze kuboneka ingona nini ifise i metero 7 igapima itone, ingona yariteye ubwoba kuburyo imitego yose yayibona hakirikare.

Iyo ngona  ikaba  yitiriwe izina ry’umuntu kumvo zuko yari  ifise ubwenge budasanzwe ikaba  yamenyekanye cane mw’izina rya  Guistave , bikaba yararya abantu biteye ubwoba. Ingona yamenyekanye cane kw’isi yose kubera

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499