BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Intahe ya Musenyeri Banshimiyubusa ku buzima bwaranze Umuganwa Rwagasore

Umuganwa Rudoviko Rwagasore ngo yari umunyaporitike yarangwa no kwunga ubumwe no kunywanisha abarundi.

Ivyo ni bimwe mu vyamuranga vyashingiwe intahe na Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, hari mu nkuka ya misa yo kuri uyu wa kabiri ijanye no kwibuka imyaka 59 irangiye uwo muganwa agandaguwe.

Kubwa Munsenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gerevazi Banshimiyubusa, mu rugamba rwiwe rwa poritike, iyo ncungu yo kwikukira ngo nta n’umwe yakumira.

Igihe umugambwe wiwe UPRONA wari utahukanye intsinzi mu matora igenekerezo rya 19 Nyakanga 1961, mw’ijambo yashikirije, Rwagasore yahagaze ahanini ku butungane kuri bose hamwe no kugwanya ibiturire, yongera yibutsa ko hadatsinze umugambwe ariko hatsinze amahoro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764