homepage

Intamba mu rugamba zihejeje gutsindwa n’Umugwi Madagascar

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi uhejeje gutakaza urukino rugira 3 wikurikiranije.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante Umwaka wa 2024 igihe c’isaha zitandatu z’umutaga ( 12h00) mu gihugu ca Madagascar niho umugwi Nserukira wa Madagascar wakinye n’umugwi Nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba mu rukino rwa kivandimwe. Urwo rukino rwarangiye umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba utsinzwe igitsindo 1-0.

Ico gitsindo rukumbi c’umugwi nserukira gihugu wa Madagascar cinjijwe n’umukinyi Ravoloson kumunota wa 19 w’urukino .

Intamba mu rugamba zikaba caciye zikwiza inkino 3 zitaronka itsinzi inyuma ya Gabon yatsinze Uburundi ibitsindo 2-1 hamwe na Algeria itsinda ibitsindo 4-0.

Étienne Ndayiragije kuvaho yashikiye mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba amaze kumenyereza inkino 8 muri izo yatsinze 2 gusa .

– Indonesie 3-1 Burundi
– ⁠Burundi 2-2 Indonesie
– ⁠Burundi 3-2 Namibie
– ⁠Cameroun 3-0 Burundi
– ⁠Burundi 3-2 Gambia
– ⁠ Burundi 1-2 Gabon
– ⁠Algérie 4-0 Burundi
– ⁠ Madagascar 1-0 Burundi

Mwomenyako Uburundi bazosubira gukina n’igihigu ca Botswana kuri uyu w’Imana Igenekerezo rya 24 Ntwarante 2024 muri ico gihugu nyene ca Madagascar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668