homepageIkibano

“Ntitugifungurira inyama muhira kuko tutoronka izidukwira mu muryango “

Ku masoko atandukanye ya komine Butangazwa intara ya Ruyigi,igiciro c’inyama cabandanije kuduga kuva muntango z’umwaka wa 2024.Ikiro c’umusoso w’inyama y’impene ;ubu kigurwa amafaranga y’amarundi 16.000 mugihe mu mwaka wa 2023 cagurwa ibihumbi 13.

Abanyagihugu bo muri iyo komine ,bidoga ko muri kino gihe inyama zaduze cane ibiciro. Hambavu y’igiciro kukilo c’inyama y’impene caduze,iy’inka nayo nyene ikilo ubu kigeze ku mafranga ari hagati y’14000na 15000 mu gihe igiciro ca bene izo nyama z’imisoso cashinzwe na Reta ari amafaranga y’amarundi 11000. Abo bihereza akanyama basigura ko bigeze aho umuntu atubahuka gusuma akanyama kugira atahane muhira n’abana bashikirwe, ariko nyabuna bahitamwo kukiherereza kw’ibare gusa kuko batoronka akabakwira. Ku bw’abo ivyo bitumwa n’amikoro make.

N’igiki catumye ibiciro bibanda kuduga?

Abayangayanga kuruhande rwabo bo basigura ko ibiciro vy’ibimasa ari vyo vyaduze ku masoko.Imvo nayo si iyindi ngo n’uko bitakiboneka kw’isoko. Kubibaza ko abayangayanga boba bashaka inyungu y’umurengera bavuga ko atari vyo kuko ngo nk’umutahe w’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi bashobora kwunguka amafranga 15000 gusa.

Gushaka guheba umwuga wo kuyanga

Kubera uko kudatahurwa n’abihereza inyama, hari bamwe mubakora umwuga wo kuyanga bamaze kuvuga ko bashobora guhagarika akazi kabo na rirya ngo ata n’abagihurumbira uyo mwuga canecane mubakiri bato.
Ku bw’abo basaba Reta guhangana n’itituka ry’amafaranga y’amarundi aho ishiringi rimwe ringana n’amafranga y’amarundi agera ku 1.75, ibi ngo bica bibabuza kuja kurangura inka zo kubaga mu gihugu ca Tanzaniya, ho inka zoba zikiboneka ku bwinshi

Inkuru yanditswe Pantaléon Ntakarutimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669