Entertainmenthomepage

Intambara hagati ya Natacha na Meili iri mu nzira

Nelly Nat ashobora kuba imbarutso y’intambara ishobora kurota hagati ya Natacha na Meili.

Akoresheje Status za Whatsapp asanzwe akunda gukoresha cane, Nelly Nat yarungikiye abakoresha urubuga rwa Instagram rusubiza hasi Natacha ubutumwa bukaze.

 

Urwo rubuga nkuko Nelly yabivuze, ngo rukoreshwa n’abantu ba hafi ya Meili. Akabasaba kudasubira kumushira muvyo yise uburofa bwabo.

Yanditse agira Ati : ” Uwukoresha ya page Instagram, IL parait ko ndamuzi, ari muri Team ya Meili. So mu mubwire ntazanshire mu burofa bwabo, mu gushaka ku minimiza Natacha. Si non Je cracherais Les morceaux, moi je n’aime pas de Provocations, ndatuje”.

Ubutumwa ntibwabaye ubwo gusa, kuko haheze akanya yaciye ashirako ko abaririmvyikazi batari bake na hano iwacu, ngo bumvira ishari Natacha. Igituma ngo nukubera iterambere afise, Kandi nuko abone ko akiri muto ata n’ivyo yise ibidabida afise mbere ata n’amaribori agira.

Uwo mwigeme ntiyagarukiye ngaho kuko naho atadomyeko urutoke, yoba yariko abwira Meili, aho yavuze ko Taille ya Natacha Arusha Meili ishobora kuba nayo ari imbarutso y’ukutabona kumwe ibintu hagati yabo.

Nelly avuga ko atarya umunwa ko Natacha ariwe mwamikazi mu baririmvyi hano iwacu. Nayo uwuzosotora Natacha azoba akoze ingwe mu Jisho, hagati y’uwayisomborokeje na Nelly, izoca irota.

Ukwo kuvugira Natacha, bikaba bisubiriye mu gihe mu bihe biheze bigeze gucanamwo, umuriro ukaka, aho yanashatse guhindura akajambo Nat Kari Kuri Instagram yiwe kuko gasigura Natacha, ariko ntivyamuhira, noneho abona kukagumiza.

Ubu rero Nelly akaba ari mu mugwi w’aba Promoter bari hafi ya Natacha, aho n’ubwo akorora baca bavugira rimwe.

Natacha aramutse atarabanye ryiza na Meili akaba atazoba abaye uwa mbere, kuko hari uwundi muririmvyikazi ubu atakiririmba ariwe ASHLEY DIVA nawe batigeze bavuga rumwe mu muziki hano iwacu.

Mukamenya ko Natacha afise akaririmbo gashasha yise Nduwawe, ako karirimbo kakaba kasohorewe Video Lyrics Kuri YouTube ya Natacha. Kakaba gasohotse inyuma y’amezi 3 asohoye amasanamu y’akaririmbo walete.

Naho yasohoye iyo Video Lyrics, haracarindiriwe amasanamu y’indirimbo yakoreye mu gihugu c’ubugande, igihe ahurirayo na Bruce Melodie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707