homepagekirundi_Sports

Intambara ya Lionel Messi na Cristiano Ronaldo isubiye I buti

Lionel Messi umukinyi w’umunya Argentine akaba anakinira umugwi Paris Saint Germain w’Ubufaransa, ngo ntagisubira gukinira uwo mugwi, kuko yamaze kwemera amasezerano yo gukinira umugwi wo mu barabu.

Amakuru yazindutse avuga ko uwo mugabo aheruka guhagarikwa indwi 2 n’uwo mugwi kubera urugendo yakoze muri Arabie Saoudite adasavye uruhusha, yamaze gutangura kuzinga ibirago yerekeza mu barabu.
Ayo makuru ava mu kiganiro El Chiringuito co mu gihugu ca Espagne avuga ko uwo Mugabo agiye guhamvya Cristiano Ronaldo muri Arabie Saoudite aho yemeye kuzokinira umugwi wa Al- Hilal.
Uwo mukinyi akaba atariko aronderwa n’uwo mugwi gusa, ariko akaba yariko anaronderwa na Fc Barcelona yahoramwo, Inter Miami umugwi wa David Beckham wo muri Amerika, ariko akaba yashimwe kuja mu barabu.
Uwo mukinyi w’imyaka 34 y’amavuko, akaba asanzwe ari na Ambassador wa Arabie Saoudite mu bijanye na Tourisme, amasezerano amaranye igihe kitari gito, ari naco gihora gituma akatari gake uwo mukinyi wa PSG yerekeza muri ico gihugu.
Nkuko vyagenze Kuri mugenziwe Cristiano Ronaldo, uwo mukinyi nawe nyene umushahara yemerewe akaba ari mu mishahara atoshoborwa n’imigwi imwe imwe ku mugabane wa buraya.
Amakuru ahari avuga ko uwo mugabo agiye kuba umukinyi wa mbere ahembwa amafaranga menshi cane, kuko amafaranga amaze gutangazwa angana n’Imiliyoni 300 z’ama Euro, akaba azoba asumbije mugenziwe Cristiano Ronaldo we ubu ahembwa Imiliyoni 200 z’ama Euro ku mwaka.
Abo bakinyi babiri bakaba basubiye Kandi kuba abakeba ku kibuka, kuko imigwi 2 bakinira isanzwe ihanganye muri iryo higanwa ryo muri Arabie Saoudite.
Ayo makuru Kandi akaba avuga ko ico uwo mugwi wa Al Halal wakoze ni ukugira Arabie Saoudite imenyekane gusumba, kuko kuva Cristiano Ronaldo yerekeza muri Arabie Saoudite, isi yaciye ihindukiza amaso irabisha muri iryo higanwa ridasiba kugura abakinyi bakomakomaye bo ku mugabane wa Bulaya.
Abo bagabo 2 nibahurira ku kibuga kimwe, bikaba bizotuma iryo higanwa ryegera mu bibanza vya mbere mu mahiganwa arabwa cane kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822