homepagekirundiWorld News

Intanga z’uwitavye Imana ngo zishobora kuvamwo umwana muzima

Intanga z’abantu bapfuye ngo zishobora gukoreshwa, bigatuma haboneka umwana. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Journal of Medical Ethics, aho bavuga ko ubwo ari bumwe mu buryo bwotuma haboneka Stock nini y’intanga.

Mu bwongereza mu mwaka wa 2019, abana barenga 2345 baravutse kubera abatanze intanga zabo bakaziha abazikeneye. Ariko naho vyagenze uko ngo igitigiri c’izibitswe naco ni gito cane, kuko abazitanga bagabanutse ku rugezo rukomeye. Intandaro yo kubura ngo n’amategeko yakajijwe cane.

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko intanga (Spermes) z’umugabo yashengeye zishobora gukoreshwa ngo haboneke umwana akomeye. Aho bikavurwa ko n’uwumaze imisi 2 yapfuye, intanga ziwe ziba zigikomeye zishobora gukoreshwa.

Abo bahinga bavuga ko hashobora gukoreshwa uburyo 2 kugira haboneke izo ntanga, bumwe muribwo akaba ari uburyo bwo kumubaga, ubundi buryo n’ubwo gukabura igihimba citwa Prostate ngo bikunde zishobore kuboneka. Inyuma yaho noneho ngo zikabikwa mu buryo bwateguwe.

Naho kuri bamwe ari uburyo bwiza, ariko ku bandi babona ko bitabereye. Kuko ngo hakenewe abakiri bato botanga izo ntanga kugira umwana niyakura agakenera kumenya se azomubone.

Umwigisha yaganiriye na BBC dukesha ino nkuru yavuze ko hari hakwiye gushirwa inguvu mu kurondera abakiri bato bokwitanga bagatanga izo ntanga zabo.

Mwomenya ko itegeko ryo muri 2005 rivuga ko uwutanga izo ntanga yemera ko umwana amaze gukwiza imyaka yo kurondera se, yemera ko azomurondera akamwakira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755