Entertainmenthomepagemusic

Inyuma ya Big Fizzo na Sat B hiyongereyemwo umwigeme muri Primusic

Belle9ce Ingabire umwigeme ataguye umuziki inyuma yamezi make ahaciye awutanguye yatowe kuba umu ambassadeur muruhande rwabigeme muri Primusic.

Belle9ce ku ndirimbo SABO aheruka gukora igasohokana n’amasanamu aho ubona ko iyo ndirimbo iriko iravyifatamwo neza nacane cane muguca kumboneshakure zikomeya zaha muri  Afrika ibitaraboneka nokumukunzi wiwe Sat- B,uwo mwigeme akaba agiye kuba ambassandeur muri uno mwaka  muri Primusic kuruhande rw’abigeme.

Amakuru Indundi magazine yahawe nuko uwo mwigeme Belle9ce azoba muba ambassadeur mu ntara zine zigize igihugu cacu arizo Muyinga, Kirundo, Ngozi, hamwe na Kayanza ku ruhande rw’abigeme.

Mwomenya kandi ko uwomwigeme vuba bwango asohora iyindi ndirimbo aho bivurwa cane ko ari indirimbo y’umukunzi wiwe yasubiyemwo indirimbo No love kumakuru duhabwa n’abamwegereye, iyo ndirimbo akaba yayikoranye n’umwe mu baririmvyi akaba ari n’umuhinyanyuzi Kolly the Magic anasazwe ari mubagize Jury muri Primusic y’uyu mwaka w’2019.

Twobibutsa ko hari haciye ikiringo c’imyaka 4 ihiganwa rya Primusic ritaba, ubu rikaba rigarutse barongereje uburyo kuwuzoba uwambere akazotahukana imiriyoni 25 z’amafaranga y’amarundi; ikazotangurira mu ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya 23 Rusama, ibandanyirize mu Kirundo kw’igenekerezo rya 24 Rusama, i Ngozi kw’igenekerezo rya 25 Rusama nayo mu Kayanza ni kw’igenekerezo rya 26 Rusama umwaka w’2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708