Entertainmenthomepagemusic

Inyuma y’imyaka indwi arasubiye kuboneka mugiteramo hano i Bujumbura

Doudou arikumwe n’abandi baririmvyi baririmba indirimbo zihayagiza Imana agiye kuboneka mugisagara ca Bujumbura kuri uyu w’Imana

Mumyaka indwi ataboneka mubiteramo bibera hano i Bujumbura ,Umuririmvyi aririmba indirimbo zininahaza Imana(Gospel) ariwe Doudou afashijwe n’Ubutumire bwa Now Creativity  agiye kuboneka mugiteramo c’itiriwe Thanks giving Concert kizoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 07 Ruheshi  aho azoba ari kumwe na bamwe mubandi basanzwe baririmba muri ico gisata ca Gospel nka Appolinaire,Big Zoe,Prince Mshindi, Prince Maombi, n’abandi benshi batandukanye.

Akaba ari igiteramo kizoba cibonekezamwo cane  ico bita Music Live aho abaririmvyi baririmbira kubicurarangisho ,hakazoba harimwo imidiho itandukanye bivanye n’amazina yabaririmvyi barimwo aho uzohasanga indirimbo zoroshe,izitambika ,hamwe n’iziri mu mudiho wa RAP.
Mwomenyako igiteramo Thanks Giving Concert kizobera kuri Jardin Public kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Ruheshi uyu mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723