Burundihomepagekirundi

Inyuma yo kugandagura umugore wiwe, yaciye nawe yimanika

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Munyonyo umwaka w’2020, batoye umugabo yimanitse inyuma yo kugandagura umugore bahora babana amwagirije ko yashaka kuja ku wundi mugabo.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Niyonkuru Adrinis yari afise imyaka 42 y’amavuko yihaye iryo bara ngo yakomoka mu ntara ya Cibitoke bakaba bamusanze yimanitse ku ruzi rugabura karitiye za Muyaga na Nyabagere zo muri iyo zone ya Gihosha.

Ababanyi bagize baraja kubibwira uwo bari babana, Mukamana Denise yari afise imyaka 36 y’amavuko nawe bamusanga mu maraso yasandavye, hampande y’ikiziga ciwe bahasanga ikete Adronis yanditse amenyesha ko “yishe uwobari babana kubera ko yashaka kumuheba ngo aje ku wundi mugabo”.

Igiporisi kikaba camaze gutangura amatohoza kugira bamenye neza nimba ari Adronis yamugandaguye canke ari uwundi muntu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764