cultureAyagezwehoculture_promoteIKIRUNDI_news

Inyuma yo kuvuza INGOMA bambaye “costume”, bahagaritswe

Ni imbonekarimwe mu mico y’ikirundi aho abantu bavuza umurisho w’ingoma bambaye ibirato, ipantaro, ishati, ikoti bashizeko n’ikaruvati.

Ni umurwi w’abatimbo “Amagâba waraye ukoze ibitari bwabonwe kuva ubwa Nyaburunga bubayeho.

Hari kuru uyu wa mbere, igenekerezo rya 7 Ruhuhuma uyu mwaka turimwo w’2022 i Bujumbura ahari haramutse hugururwa icese ihiganwa “Slam” risanzwe ritegurwa na “Buja sans tabous” ryari ritegekanijwe kuba kuva kuwa 7 gushaka kuwa 11 Ruhuhuma uwu mwaka aho abavuza ingoma bahurikiye mu murwi “Amagâba” babonetse mu mwambaro udasanzwe umenyerewe mu murisho w’ingoma.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imico kama y’Uburundi yabineyeho guhagarika iryo higanwa mu ntumbero yo gukingira imico kama y’Uburundi nk’uko biri mw”ikete yandikiye umuyobozi yari yariteguye.

Mwomenya ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 ruhuhuma 2022 hiriwe haracanacanako ku mbuga ntangazamakuru inyandiko zivuga kuri iyo nyifato y’umurwi “Amagâba” nyinshi muri zo zitera ivyatsi iyo ngendo ko mu gihe yobandanya yohava ituma imico kama y’Uburundi itituka bamwe bagasabira guhanwa vy’akarorero uwo murwi kumwe n’abari bateguye iryo higanwa “festival slam”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 8