Entertainmentkirundi

Inyuma y’umwibi mu rukundo Mkombozi asubiye mu kazi

Uravye imbuga ngurukanabumenyi za Mkombozi womengo kuririmba yarabihevye yibereye mu rukundo. N’ubwo biri uko ngo isango yatanze ni ntabanduka , agiye kuzana ibitamumenyereweko mu muziki wiwe.

Iryo sango yaduhaye rifitaniye isano n’isabukuru y’amavuko w’umwana wiwe Nadine Antivirus, umwana umwe rudende Mkombozi amaze kwemera akerekana.

Igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022 ngo ntagusivya ni ukwigina isabukuru y’amavuko ace agirako aduha Ep yiwe izoba izwi kw’izina rya Afrika.

Ariko kandi ngo igenekerezo rya 15 gitugutu 2022 araduha imponjo y’indirimbo imwe iri mu rurimi kavukire mu zigize iyo Ep.

Tubandanye turindiriye iryo sango n’ubwo atarashima kutubwira indirimbo zizoba zigize iyo Ep ngo vyose tuzobimenya hageze.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547