Burundihomepagekirundi

Inzira ya Zinedine Zidane ijanisha muri PSG gusa

Zinedine Zidane ngo ubu inzira n’imwe gusa, yerekeza muri PSG, kuko iyindi nzira yari ihari ngo yamaze gufungwa. 

Inyuma y’igihe hariko havugwa ko Zizou azokwerekeza muri PSG, ariko hakagumaho amadidane kuko uwo mumenyereza yahora amenyereza Real Madrid yarafise ikizigizigi co kuzosubirira Didier Deschamps mu kumenyereza umugwi nserukiragihugu c’Ubufaransa, uwo mumenyereza bamuneye inda ku rukumu ko ico kibanza ataco azoronka.

Mu kiyago uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu bufaransa, Noel le Graet yahaye ikinyamakuru Ouest France, yavuze ko iciyumviro c’uko uwo mumenyereza yosubirira Pochettino ngo ari iciyumviro ciza cane, ariko ngo ikibanza c’uwumenyereza uwo mugwi ngo adashobora kuzokironka mu gihe azoba akiri muri ico kibanza arimwo.

Ubu ivy’isubirizwa rya Pochettino bikaba bitakiri ivyo gukekeranya, inyuma yaho uwo mugwi usezerewe mu gice ca 8 gishira ica nyuma c’ihiganwa Champions League.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764