homepagekirundisecurityWorld News

Irani yahagaritse uwafashe ireresi y’ihanurwa rya ya ndege yari itwaye ingenzi

Irani ivuga ko yahagaritse umuntu yafashe ireresi yerekana ya ndege ya Ukraine yari itwaye ingenzi yarashwe n’igisasu ca misire.

Uyo muntu ashobora kwagirwa n’icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu.

Iyo ndege ya Ukraine yakorowe haciye akanya gato igurutse iva ku kibuga c’indege ku mugwa mukuru Tehran ku wa gatatu w’indwi iheze, abantu 176 bari muri yo nta n’umwe yarokotse.

Irani nyuma yemeye ko iyo ndege yarashwe ku kwihenda, kandi ko abatari bake bamaze guhagarikwa.

Iyo reresi imaze gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, vyatumye abahinga babona ko iyo ndege yarashwe na misire.

Mu ntango Irani yari yahakanye ko iyo ndege yarashwe na misire, ariko mu nyuma iza kwemera ko yakorowe n’umwe mu bakora mu gisata kijejwe gucungera ikirere.

Ni nde yafashwe?

Ikinyamakuru ca Irani kivuga ko ingabo zijejwe gucungera ubutegetsi bwa ki Isilamu zataye muri yompi umuntu yashize iyo reresi ku mbuga ngurukanabumenyi mu ndwi iheze.

Hagati aho, umumenyeshamakuru akomoka muri Irani asanzwe aba mu Bwongereza, akaba ari nawe yatanguye kuyishira ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko uwayimuhaye yitekaniye.

Uyu yemeza ko abategetsi ba Irani bapfunze uwutari we.

Ejo ku wa kabiri mu gatondo, umuvugizi w’ubutungane wa Irani, Gholamhossein Esmaili, yatangaje ko abatari bake bari bamaze guhagarikwa bikekwa ko bafise uruhara mw’iraswa ry’iyo ndege.

Ikinyamakuru New York Times kivuga ko amasanamu yerekanwa n’ama camera akoreshwa mu gucungera umutekano yerekana ibisasu vya misire bibiri vyatewe iyo ndege mu mwanya w’amasegonda arenga 20 hagati ya kimwe n’ikindi.

Ico kinyamakuru kivuga ko ivyo bishobora gusigura igituma ubuhinga bw’itumatumanako bwahagaze imbere y’uko ico gisasu giterwa, bwari bwononywe n’ica mbere.

Ku munsi wa mbere, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Vadym Prystaiko, yavuze ko ibihugu bitanu vyaburiye abantu muri iryo sanganya.

Ivyo ni Canada, Ukraine, Afghanistan, Sweden n’ikindi atavuze, bizohurira i Londres mu Bwongereza kugira vyihweze ingingo bishobora gufata.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755