Burundihomepagekirundi

Ireresi ry’umurundi, Cops Ennemy, rishobora kwerekanwa kuri Netflix

Cops Enemy niryo reresi rishobora kuja mu gitigiri c’amareresi azohora yerekanwa ku rubuga rw’abanyamerika Netflix. Iyo ikaba ari iy’umurundi abarizwa muri Australia.  

Amafaranga arenga 156,000,000 z’amafaranga y’amarundi ngo niyo yakoze ireresi Cops Ennemy y’umurundi abarizwa mu gihugu ca Australie. Iryo reresi ryakozwe n’ayo mafaranga rikaba ryimirijwe kwerekanwa ku mboneshakure yo muri Amerika Netflix.

Aganira n’ibinyamakuru mu ntango z’ukwezi kwa 2, Zamaradi, ahagarariye iryo reresi muri Tanzania yabwiye ibinyamakuru ko ari intambwe idasanzwe ku mareresi yo muri ico Tanzania, kuba igiye kwerekanwa kuri iyo mboneshakure.

Iryo reresi ryakinwe guhera mu mwaka wa 2016 rigiye gusohora muri uyu mwaka wa 2019 ngo ryakorewe mu bihugu bitandukanye birimwo Nigeria, Australia hamwe na Tanzania. Rinakorwa n’abahinga ngo batamenyerewe kuko bo ari abahinga cane gusumba.

Zamaradi yabajijwe nimba mu gukora iryo reresi kuri ayo mafaranga boba bararavye nimba hari ico bazinjiza muri ico gihugu amareresi asa n’ayasubiye inyuma ku rugero rukomeye.  Uwo mwigeme asanzwe ari n’umumenyeshamakuru avuga ko Ataribo bategerezwa kumanuka ngo basange abantu, ariko ngo nimbi bari hejuru, ni vyiza ko abo babashaka baja kubasanga iyp bari.

Mwomenya ko gushika ubu ata wundi murundi turumva yakinye muri iryo reresi Atari mweneryo John k, nayo muri ino misi yavuba hakaba hari ihiganwa ririko riba ku rubuga rwa Youtube ritunganijwe n’uwo mukinyi nyene, aho umuntu yandika izina ryiwe muri Commentaire ya Trailer y’iyo ndirimbo, noneho abantu bakagira Like, uwuronse Like nyinshi, ngo azoheza ace ahabwa amafaranga y’amanyamerika 50, yababa 100,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764