homepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Isaha izimvye cane y’umuhisi Diego maradona yafatiwe mu Buhindi

Igipolisi co mu buhindi cahavuye gifata isaha izimvye cane y’umuhisi Diego Maradona yari yibiwe i Dubai haraheze imyaka. 

Hampande y’ugufata iyo saha izimvye cane yakozwe n’uruganda rwo muri Suisse rukora amasaha rwitwa Hublot, ngo n’uwari yayivye mu nzu y’uwo muhisi i Dubai, nawe nyene yahavuye afatwa n’igipolisi c’ico gihugu.

Igipolisi co muri ico gihugu kikaba camenyesheje ko uwari yivye muri iyo nzu y’umuhisi Diego Maradona ngo atari yivye iyo saha gusa kuko yivye n’ibindi noneho arahunga.

Ico gisuma kikaba camenyekanye kw’izina rya Wazid Hussain, ubu kikaba kiri mu minwe y’imyamiramabi y’ico gihugu c’Ubuhindi nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru lapress abishikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822