homepageAyagezwehoIKIRUNDI_newskirundi

Ishirahamwe Hannah House Family ryaraye risohoye abakenyezi 20

Abakenyezi bagera ku 20 baraye baronkejwe impanywabushozi n’ishirahamwe Hannah House Family mu mugambi waryo “Mukenyezi Haguruka”. 

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 11 Ntwarante umwaka w’2022, muri karitiye Kibenga, zone Kinindo, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura niho iryo shirahamwe ryahereza impamyabushobozi abakenyezi 20 bari bamaze amezi atandatu bari mu nyigisho zo gushona.

Nsabimana Jean Paul arongoye iryo shirahamwe imbere y’amategeko, ashikiriza ko ihangiro nyamukuru ry’uwo mugambi “Mukenyezi Haguruka” ari ugukangurira abakenyezi kwijukira ibikorwa bibafasha kwiteza imbere no guteza imbere imiryango yabo mu gushira mu ngiro icivugo c’Umukuru w’Igihugu kigira kiti: “Umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko wose uronke amafaranga”.

Yaboneyeho guhamagarira abo bakenyezi bari baronkejwe izo mpamyabushobozi kuja ku kivi bashire mu ngiro izo nyigisho bari bamazemwo igihe, nabo bamwemerera ko bagiye guhaguruka bakore batitangiriye itama.

Ku ruhande ry’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ugushigikirana bwari bwaserukiwe n’umupfasoni Ahishakiye Claudine, burakeza cane ishirahamwe Hannah House Family atakindi kiriraje ishinga atari ukubona abakenyezi bose bafise ico bakora kibunganira mu buzima bwabo bwa misi yose bunaritera intege kubandanya uwo mugambi.

Claudine Ahishakiye yaboneyeho guhamagarira abo bakenyezi bari baronkejwe izo mpamyabushobozi n’abakenyezi bose muri rusanga kuja hamwe batunganye imigambi myiza maze bayijane muri banki y’abakenyezi iheruka kwugurura icicaro ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, gutyo baronswe ingurane ku nyungu itavuna, izobafasha kurangura imigambi ikomeye.

Mwomenya ko hambavu y’izo mpamyabushobozi, ishirahamwe Hannah House Family ryanahaye abo bakenyezi imashini zo gushona zigera kuri zitanu bazoba barifashisha mu gihe batararonka izabo bwite rinabemerera ko rigiye kubandanya ribaguma hafi ndetse mu migambi yaryo ngo rikaba ritegekanya kuzobashingira ikigo bazohora bakoreramwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755