homepage

Mr champagne mu ntumbero yo kuzunguruka i Bujumbura atanguriye mu Kinama

Mr Champagne umwanditsi w’indirimbo “Bitu biko Bien”Maricelina yakoranye na Big Fizzo n’izindi nyinshi vyamwanse mu nda ngo agiye gusanga abakunzi biwe iyo baba ngo akorere ibiteramo muri Quartier hafi zose zigize Bujumbura mw’ibaza kwari hehe nahehe?

Aho yashoboye kwandika akaba ari Kinama,Mutakura,Kamenge ,Buterere,Bwiza,Nyabugete yongera aranabaza abakunzi biwe nimba arihehe handi bashaka kumubona?

Umuririmvyi Mr Champagne akaba anafise n’impano yogutwenza ndetse no gutanga impanuro ngaha mu Burundi.
Akaba ari mu banyabuhinga bakurikiranwa cane ku mbuga ngurukana bumenyi.
Ufatiye nko ku ndirimbo yiwe “Bitu biko bien “ikorerwa challenge n’abantu bavuye mu mihingo yose Congo,Burundi,Cameroun,côté ivoire,Afrika du Sud nahandi henshi……

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine yarasiguye neza ko ababazwa n’abantu badakunda kw’umva avuze KO yitwa Umurundi ngo nibateshwe bate iyaseruka hose avuga KO ari umurundi kandi n’ivyakora vyose hahayagizwa Uburundi mu ntumbero yiwe yokumenyekanisha Impano z’abarundi mu makungu.

Arahamagarira abakunzi biwe kudasiba mu giteramo yabateguriye mu Kinama ahitwa kuri Nueva vista igenekerezo rya 14 Mukakaro 2023 guhera isaha icenda (15h) kw’injira ni 3000K
V.I.P 5000K

Tubibutseko muri ico kibanza nyene hazokorerwamwo kw’ igenekerezo rya 9 Mukakaro Festival de l’independence itegurwa na Bantu bwoy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671