homepagekirundiMiss EricaWorld News

Ivya Messi bibandanya bihindura inzira bifata

Naho we ngo ataco arabasha gushikiriza ku mugaragaro, Lionel messi yaramaze igihe asa n’uwudakinira umurwi nserukira gihugu ngo yoba yasavye $ 1,000,000 angana 2,700,000,000 fbu ngo azokinire uwo murwi mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Maroc.

Inyuma y’igihe ataboneka ku rubuga rw’umupira arikumwe n’umurwi nserukira gihugu wa Argentine, Lionel Messi ngo agiye gusubira gukinira ico gihugu ciwe c’amavukiro.

Naho we ataco arabasha kuvuga, ikinyamakuru Ole co muri Argentine kivuga ko umumenyereza w’uyo murwi wa Argentine yamenyesheje ko uwo mukinyi azobakiri mu nkino za kivandimwe zizobahuza n’imirwi ya Maroc na Venezuella.

S’abo gusa babivuze, kuko ikinyamakuru Huffpost co muri Maroc, caganiriye n’uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu bemeje iyo nkuru bavuga ko uw mukinyi yoba yemeye kuzokira uwo murwi ariko asaba amafaranga angana $ 1,000,000 angana n’ 2,700,000,000 fbu. izo nkino zose zikaba zizoba muri uku kwezi kwa 3, ku magenekerezo ya 23 na 26.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755