East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoro

Ivya Wema Sepetu bishobora gufata iyindi nzira

Urubanza rwagiriza Wema Sepetu gukwirakwiza amashusho y’urukozasoni rugiye gusomwa, urwo bamwe bakaba bafise ubwoba bw’ingingo izofatwa.

Wema sepetu ngo agiye gusomerwa urubanza ruvuye mu matohoza yaramaze igihe ariko arakorwa ku rubanza afise mu butungane bwa Tanzania, aho yagirizwa gukwirakwizwa hirya no hino kw’amashusho y’urukozasoni akoresheje urubuga ngurukanabumenyi.

Umusi nyezina ngo azoba ari igenekerezo rya 21 ruhuhuma, nkuko vyashikirijwe na Sentare i dar es sallam, ivyo tukaba tubikesha inkinyamakuru co mu gihugu ca Kenya.

Mu kwezi kwa 10 kw’umwaka twaraye turangije niho uwo mukinyi yahanwa n’inzego zitandukanye ziraba ivy’amareresi muri ico gihugu zirimwo n’iza leta. Ico gihe akaba yaravuye i Bujumbura aho bivurwa ko umugabo bahuriye i Bujumbura ariwe yari kuri ayo mashusho bamuhora.

Mwokwibuka ko uwo mukinyi nyene yari yakatiwe n’ubutungane bw’ico gihugu urubanza rwamuhuza na leta ya Tanzania aho bamwagiriza gukoresha ibiyovyabwenge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769