BurundiHealthhomepagekirundi

Ivyaranguwe n’ibigiye kurangurwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu

Ukwubaka ikigo kijejwe gutororokanya no gushingura amaraso mu ntara ya Gitega, umugambi wo kwikingira ikiza ca Corona ni bimwe mu vyaranguwe n’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida.

Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aho yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu aheze hamwe n’ibitegekanywa kurangurwa mu misi iri imbere.

Umushikiranganji Thaddée Ndikumana yamenyesheje kandi ko ubushikiranganji aramutswa bugiye kubandanya bwegereza abanyagihugu abaganga benshi kandi babinonosoye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764