BurundiDevelopmenthomepagekirundisociete

Ivyaranguwe n’ibigiye kurangurwa mu bushikiranganji bw’inyubako, ibikoresho hamwe n’uburaro

Amafaranga yababa imiriyoni 80 z’amarundi niyo yinjiye mu kigega ca Reta biciye mu bushikiranganji bw’inyubako, ibikoresho no kugwiza uburaro muri aya mezi atatu y’umwaka aheze.

Ivyo umushikiranganji ajejwe inyubako, ibikoresho hamwe n’uburaro Déogratias Nsanganiyumwami, yabishikirije aho ariko aramenyesha ivyaranguwe mu mezi atatu aheze n’ubushikiranganji aramutswa hamwe n’ibigiye kurangurwa mu misi iri imbere.

Umushikiranganji Nsanganiyumwami amenyesha ko ibikorwa vyo kwagura no gusiga ikaburimbo mw’ibarabara Bujumbura-Nyamitanga ko bigeze ku rugero rushimishije (Hafi ibice 90 kw’ijana).

Mu bijannye n’uburaro naho, umushikiranganji Nsanganiyumwami yavuze ko hategekanijwe kuzokwubakwa amazu agera ku 24 muri karitiye OUA iri muri zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769