homepagekirundi

Ivyaranguwe n’ibigiye kurangurwa mw’ishirahamwe ATRABU

Abanywanyi barenga 300 b’ishirahamwe ATRABU rijejwe gutwara abantu n’ibintu mu Burundi nibo barihiwe amafaranga y’ubwishingizi (assurance). Imiriyoni  zirenga 90 ngo zarahawe amashirahamwe akorera muri ico gisata kugire asahirize mu vyo gutwara abantu n’ibintu.

Uwurongoye iryo shirahamwe yabivugiye mu nama isanzwe ya bose kuri uyu wa gatatu. Ni mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe mu mwaka wa 2020.

Mu bigiye gukorwa, Jean Bosco Minani amenyesha ko hari ibijanye no kwongereza ubumenyi ku batwara abantu n’ibintu mu ntumbero yo kugabanya amasanganya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755