homepagekirundi_Sports

Ivyatwawe na Drama T mu bubigiri babigaraguje agati .

Drama T ntiyorohewe kuva yerekeza mu gihugu c’Ububirigi aho agiye gukorera igiteramo.

Uwo muririmvyi yuririye rutema ikirere Kuri uyu wa gatatu, ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye, yasigaye ararabishwa rugagamisha kuvyo yagiye yambaye canke yajanye.

Amasakoshi yajanye muri ico gihugu, akaba yaravuzweko, aho bamwe bavuga ko atari amasakoshi vy’ukuri yo gutwara muri ico gihugu, ariko Kandi hanatangura kunuganurwa kuvyoba Bigiyemwo.
Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Twitter, umwe abona ko Drama T imwe muri izo sakoshi yoba yatwayemwo ibirato, ahandi naho hagiyemwo ama Parfum.
Ibirato bikaba bivugwa cane kuko asanzwe azwi kuba ari umwe mu baririmvyi bakunda, Kandi batunze Ibirato vyinshi. Nkuko ahora avyerekana akaba afise igitigiri kitari gito, Kandi buri gihe iyo hagize amafaranga asohora ayaharuramwo ibirato, mu gihe abandi ayo basohoye bayaharuramwo ibiyeri, canke ibiro vy’umuceri n’ibindi vya nkenerwa.

Abandi nka Nelly Nat, bakaba babona ko izo sakoshi yatwayemwo ibintu ngo zitajanye n’urugendo yarafashe, aho yagereranije izo sakoshi Drama T yatwaye n’ivyo batwara gusumiramwo, aho yavuze ko asa n’uwaragiye gusumira i Kabarore.
Nelly we akaba atagarukiye ngaho, kuko ngo n’ugutwara Chargeur ya Telephone mu mufoko w’ishati navyo ngo birimwo amahinyu akomeye cane. Akaba yanamutoreye akazina, amwita ngo Daramatiyasi.
Mu kiganiro yasize atanze I Bujumbura ku kibuga c’indege, Drama T akaba yamenyesheje ko atazi ibindi biteramo azokorera muri Europe, ariko ko ibimaze kumenyekana ngo ari 2, ico ku musi wa gatandatu n’ico ku musi w’Imana, ivyo akazobikorera I Buruseri n’i Bordeaux mu Bufaransa.
Nayo ibindi ngo hagize ikizoboneka bazobivuga ku mbuga.
Drama T akaba yaheruka gushikiriza ko imyiteguro yaramazemwo imisi, ngo imuha icizere ko ibintu bizoba bimeze neza, kuko yiteguye bihagije, aho azobasha gukora igiteramo kuriwe kizoba kibaye ica mbere.
Mu kiyago na TYS TV, uwo muririmvyi yavuze ko yiteguye mu mice yose, haba mu kuririmba, kwambara na Performance, ngo azoba atoroshe uwo musi.
Ivyo bikaba vyashikirijwe inyuma yaho DJ Paulin ari nawe Manager wiwe muri ino misi nawe amenyeshereje ko igiteramo bariko barategurira uwo musore ngo kizoba gisumba ibindi biteramo vyose bimaze gutegurirwa mu bubirigi, bishoboka ko yavuga ivyateguriwe abarundi.
Muri ico kiganiro nyene yatanze imbere yuko yurira rutema ikirere, Drama T yari yamenyesheje ko hariho Indirimbo zizoririmbwa muri ico giteramo, zitarabasha gushirwa ku mbuga zitandukanye z’umuziki.

Ku batavyibuka, Ku kijanye n’ubuke bw’Indirimbo za Drama T, DJ Paulin akaba yari yemereye abafana mu kwezi Kwa 4, ko imbere Yuko Drama T asohoka igihugu akerekeza muri Europe azoba yamaze gukora Indirimbo 2, Kandi ngo zizoba zamaze gusohoka, ariko gushika dukora ino nkuru hakaba hari hamaze gusohoka Indirimbo Your Love ya DJ Paulin yumvikanyemwo Drama T na Juno Kizigenza.
Iyo ndirimbo iboneka ku rubuga rwa YouTube rwa DJ Paulin, ikaba mu masaha 2 gusa, yarimaze kurabwa n’abarenga 5000. Iyi ikaba ishobora kurabwa cane gusumba izindi yaheruka gukora uwo Mugabo ataririmba ariko yitirirwa Indirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822