BurundiCooperationDiplomacyÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundiPolitique

Ivyo ngo bigiye gutuma imigenderanire iba myiza cane

Reta y’Uburundi ngo yiyemeje kubandanya iteramira amahoro n’umutekano hamwe no gukingira agateka ka zina muntu.

Biri mw’itangazo ryasohowe na Reta ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifatiye ingingo yo gukura igihugu c’Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyama vyigwa ku bijanye n’amahoro hamwe n’agateka ka zina muntu.

Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta, Prosper Ntahorwamiye yasomye iryo tangazo, amenyesha ko Uburundi bushimishwa niyo ngingo y’inama nkuru ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izotuma imigenderanire n’ibindi bihugu igenda neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768