BurundiÉnergieEnvironnementhomepagekirundi

Ivyokorwa kugira ngo imyuzure igabanuke mu gisagara ca Bujumbura

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo barakwiye kwubaka amazu bisunze amategeko agenga ivyo kwubaka kugira birinde guterwa n’imyuzurira yama yibonekeza, ikonona ibintu bitari bike.

Bishikirizwa na Aloys Ndayisenga, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa kane waraye uheze, ikiganiro ahanini cari gihagaze ku bijanye n’imvo hamwe n’ingaruka mbi z’imyuzurira ukunze kwibonekeza canecane mu gisagara ca Bujumbura.

Aloys Ndayisenga abona ko Reta ariyo ifise uruhara rukomeye mu gikorwa co kurwanya iyo myuzurira mu guhimiriza abubaka amazu muri ico gisagara kwubahiriza amategeko agenga inyubako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764