EntertainmentAkes DonhomepagemusicP squarePassportTanzania

Ivy’ubugeni bwa Diamond vyahindutse, hasubiye kwinjiramwo Zari

Ukugira ubugeni na Zarinah Hassan azwi cane nka Zari the boss lady ngo nivyo vyoba ngirakamaro gusumba kugenda kurondera uwundi mukobwa yomukurikira kubera ubu star bwiwe.

Diamond Platnmz ngo vyoba vyiza yorongora umukobwa azi icarico urukundo kandi yomwitaho, ariko apana abakobwa bomukurikira kubera yamenyekanye canke kubera amafaranga yiwe, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu baririmvyi bagenziwe.

Mu kiganiro na Wasafi Tv, Shilole yahanuye Diamond Platnumz kugira ubugeni na Zari ngo kuko niwe bohuza gusumba abandi bigeme. Ariko akaba yongeyeko ko uwo bogira ubugeni wese ngo yomuhezagira naho yoba atari abona ko yoba mwiza kuriwe.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe haheze imisi Diamond avuze ko yegeje inyuma ubugeni yarafise muri uku kwezi kwa 2 kuko ngo abatumire b’iteka bamwe bamwe ngo bazoba bafatiriwe muri iyo misi y’urubanza.

Mukibuka ko uwo bamusaba kugirana ubugeni nawe bamaze hafi umwaka wose baravanye, Zari akaba yahora Diamond kutamwubahisha n’ukumuca inyuma akagenda n’abandi bagore. Ivyo Diamond akaba yavyamirira kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723