BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Jeanjos Parfait nawe yahambije abandi kuri rwa rubuga mpunza makungu

Umuririmvyi Jeanjos Parfait asazwe akora indirimbo zihayagiza Imana(Gospel) nawe yaraye atewe iteka ry’ugushirwa kuri rwa rubuga rwa Wikipedia inyuma yabagenziwe bamutanguriye

Umuririmvyi Jaenjos Parfait asazwe avuka mu Ntara  ya Gitega akaba anaririmba indirimbo zihayagiza Imana yaraye ashizwe kuri rwa rubuga Wikipedia urubuga utosangako abaririmvyi beshi cane bahano iwacu.

JeanJos Parfait akaba atahengeshanyije gushima iyo ntabwe yateye akaba yaciye amenyesha abakunzi b’umuziki ko uwukeneye kumenya ubuzima bwiwe ndetse nico amaze gukora azobisangako vyose mu ndimi zitandukanye.

Akaba kandi ashimangira ko urubuga rwa Wikipedia ko rurimubifasha kwerekana muri rusangi ivy’Imana yakoze kubuzima bwa Jeanjos Parfait bikababera icigwa kubatari bake mu kubabera icitegererezo kuwushaka kumenya no kumenyesha ingene Imana yihesheje icubahiro biciye kubari munzira yukuyikorera murunganwe ruhari,akaba rero atewe iryo teka inyuma  yugushira indirimbo ziwe zose kuma Platform asazwe agurisha indirimbo nka yose.

Mwomenyako yiyongereye kubandi barundi bari barusazweko nka Sat-B,Kidum,Umurwi Best Life Music hamwe  Kadja Nin ugiye kuraba muri rusanga ntabaririmvyi beshi ba Barundi baruriko ivyo twokwita kotwasingaye inyuma yabandi muri kano karere turimwo nk’uko bobo baruriko nka bose.Ikindi mwomenya nuko uwo muririmvyi yigeze gusaba abaririmvyi bagenziwe basazwe bakora uwo mudiho wa Gospel konabo bakwiye kugira ama management bakanamenyekanisha ibikorwa vyabo(Promotion)nk’uko abaririmba profane babigenza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775